Umugore yasavye uwamutwaye umugabo kumuha amahera 2000 gusa vyokugura impuzu kugira amumuhebere burundu.

Mugihugu ca Kenya,umugore yatangaje abantu benshi muri ico gihugu mugihe yasaba umugore yamutwaye umugabo wiwe kumuha 2000 gusa vy’amashiringi muntumbero yokugura  impuzu z’abana kugira nawe ace amuhebera umugabo burundu.

Edna yagurishije umugabo wiwe kugira yironkere amahera yokugurira impuzu abana.

Ivyo bikaba vyabaye mumpera z’ukwezi kwa Kigarama 2019,aho umupfasoni azwi kumazina ya Edna Mukwana yandikira ubutumwa umugore yaramaranye imisi n’umugabo wiwe amusaba kumugirira imbabazi akamurungikira amahera 2000 vy’amashiringi kugira ashobore kwigurira impuzu z’abana ariko nawe agaca amuhebera uwomugabo burundu.

Inyuma yo kubona ubwobutumwa,uwomugore yahisemwo kumurungikira 1700 c’amahera y’amashiringi kuko ariyo yashoboye kuronka.

Yishura kucatumye ahitamwo kugira uwo mwifato,Edna Mukwana yamenyesheje ko yararambiwe n’amakosa uwomugabo yamukorera kuko yaramaze imisi indwi yose adataha murugo rwiwe yibereye kumwe nuwo muhabara wiwe,akabonako yotuma amwibagira burundu kuko atanakimwe yaramariye umuryango.

You may also like...