Abantu 24 bamaze guhitanwa n’umuriro uturira ugatongora wadutse mugihugu ca Australie.

Umuriro uturira ugatongora wadutse mugihugu ca Australie umaze guhitana abantu bashika 24 amazu n’ibindi bikoresho vyankenerwa bitari bike bikaba bimaze kuhononekarira.

Isanamu yerekana umuriro uriko uraturira utongora mugihugu ca Australie.

Uwo muriro uriko ubica bigacika muri ico gihugu ukaba watanguye kwaduka mu mashamba yo muri ico gihugu kuva mu kwezi kwa Nyakanga 2019,ndetse nubu ukaba uatarazima.

Gladys Berejiklian,umushikiranganji wa mbere w’intara ya Nouvelle-Galles du Sud,yamenyesheje kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 4 Nzero 2020 ko umuriro wabonetse kuruyo musi utaribwigere uboneka mumateka yico gihugu.

Uwo mushikiranganji akaba yamenyesheje mukiganiro yatanze kubanditsi n’abamenyeshamakuru ko abantu 24 bamaze guhitanwa n’uwo murirro kuva mu kwezi kwa Nyakanga 2019.

Kuruyu wa gatandatu,icogihugu ca Australie cari gifise ubushuhe butangaje budasanzwe  mugisagara ca Sydney  kubera uwomuriro kuko hari hashushe gushika kurugero rwo degrés 48,9.

Twobibutsako uwo muriro wadutse kuva mukwezi kwa Nyakanga 2019,watanguriye mumashamba atandukanye ariko ubu ukaba umaze gutandukira ibisagara bibamwo abantu.

Zimwe munyubakwa zimaze guhitanwa n’umuriro mugihugu ca Australie.

 

You may also like...