Gushirwa mubuja,ukunyarwa ivyabo,ugukubitwa,nivyobiriko birakorerwa abirabure bo muri iki gihugu.

Ugushirwa mubuja babanje guhohoterwa,gukubitwa no gufungwa nivyo biriko birakorerwa abirabure basanzwe baba muburengero bw’igihugu ca Indonesia aho bita West Papua canke Papouaisie Occidentale mururimi rw’igifaransa.

Isanamu yerekana bamwe mubirabure bo muri Indonesia bafashwe nk’imbohe n’abapolisi b’ico gihugu.

Imvo zituma abo birabure bariko barahohoterwa murikino gihe nuko abo birabure bamaze imyaka myinshi cane muri ico gice ca Papouaisie Occidentale bashaka kwikukira kikaba igihugu cigenga kikava kugihugu ca Indonesie kubera agahotoro bakorerwa n’abazungu basanzwe batwara ico gihugu.

Abo birabure baba muri Papouaisie Occidentale bavugako abazungu baje muri ico gihugu babasanga ngaho ndetse bakavugako ari abasangwa butaka (autochtones) bo muri ico gice.

Bamwe mubirabure bafashwe n’abapolisi babahora gukora imyiyerekano yogusaba kwikukira.

Ikibazo cabo birabure bo muri Papouaisie Occidentale nicakera cane ariko igihe cose abo birabure bagerageza gushira ahabona ishaka ryabo ryo kwikukira bama bahura n’ibibazo bikomeye kuburyo bakubitwa ndetse bakanafungwa .

Bamwe mubanyagihugu ba Papouasie Occidentale barakurwa muvyabo kunguvu,baranyagwa amatongo yabo kunguvu.

Mumwaka 1970,abo banyagihugu babasangwabutaka bo muri Papouaisie Occidentale nibo bari benshi cane gusumba abazungu kuko bashikana ibice 90 kw’ijana (90%) vy’abantu bose baba mugihugu ca Indonesia ariko abazungu bagiye bariyongera kubwinshi cane kuburyo mu mwaka wa 2010 abo birabure bo muri icogihugu batari bagishikana n’ibice 50 (-50%) kw’ijana vy’abantu bose baba muri ico gihugu.

Twobibutsako agace ka Papouaisie Occidentale gasanzwe kabamwo abantu bashika ku miriyoni zitatu n’igice ndetse kakaba gafise isindimwa yimbuka cane hamwe n’ubutare butandukanye ndetse kakaba karangwamwo n’ibitoro.

You may also like...