Intambara y’isi yose ya gatatu ibandanya kumota ,Chine nayo yinjiye mu mukino

Mugihe abantu benshi babandanya bavuga ko intambara yisi yose ya gatatu (World War III) ishobora kwaduka umwanya n’umwanya ,ibimenyetso vyerekana ko iyi ntambara ishobora kwaduka umwanya n’umwanya bibandanya kw’iyongera .

Ibi vyibonekeje iyuma yaho igihugu ca Chine gisanzwe ari naco cakabiri kw’isi mu bihugu bikomeye carungikiye intumwa yaco mu gihugu ca Iraq kugira baje kubameyesha ko babafise kumuzirikanyi ndetse ko hamwe igihugu ca America cokwihenda kikabatera ko bobafasha mu vyagisirikare.

Uyu yarungitswe i Bagdad ku murwa mukuru w’igihugu ca Iraq ni Zhang Tao asanzwe aserukira igihugu c’ubushinwa (Chine) murico gihugu nyene

Zhang Tao yahuye n’umushikiranganji wambere wa Iraq bwana Adil Abdul al-Mahdi mu gatondo ko kuruyu wa mbere igenekerezo rya 06 nzero 2020 ,amushikiriza ubutumwa yatumw n’igihugu ciwe aho yamumenyesheje ko igihugu ca Chine citeguriye kubaha intererano n’ibikoresho vya gisirikare ndetse n’abasirikare mu gihe igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika zohirahira zikabatera.

Aya makuru kandi yemejwe n’ikinyamakuru gisanzwe gikorera kumbuga ngurukana bumenyi rwa Twitter

Tubibutse ko ibi vyose biriko biraturuka kw’igandagurwa rya General Sulaiman ,uwari umukuru w’ingabo z’idasanzwe wa Iran ,yiciwe mu gihugu ca Iraq ,akicwa n’igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika zikoresheje indege zitagira umu dereva.

You may also like...