Iyi niyo mpamvu ihagurukije umushikiranganji w’imigenderanire y’ubushinwa kuza mu Burundi.

Umushikiranganji w’igihugu c’ubushinwa ajejwe ivy’imigenderanire n’ayandi makungu aritezwe mugihugu c’uBurundi,kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 7 Nzero 2020.

Umushikiranganji w’ubushinwa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yitezwe mu Burundi kuruyu wa kabiri.

Imwe mumpamvu itumye M. WANG YI,umushikiranganji w’ubushinwa ajejwe imigenderanire y’igihugu c’ubushinwa n’ayandi makungu akora urugendo mugihugu c’uBurundi,nimuntumbero yo gutsimbataza imigenderanire myiza irihagati y’igihugu c’uBurundi n’igihugu ciwe c’ubushinwa.

Urugendo rwa M. WANG YI,mugihugu c’uBurundi rukaba rwamenyeshejwe na  M. GENG SHUANG,umuvugizi w’ubushikiranganji w’ubushinwa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

M. GENG SHUANG,umuvugizi w’ubushikiranganji w’ubushinwa n’ayandi makungu akaba yamenyesheje ko umushikiranganji M. WANG YI,azokora urugendo mugihugu c’uBurundi inyuma yaho aronkeye ubutumire bw’umushikiranganji w’uBurundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Ezechiel Nibigira amusaba kwishikira kwirabira ingene igihugu c’uBurundi cifashe.

You may also like...