Ukudandariza amasandugu (cercueil) impande y’amavuriro canke ibitaro vyabujijwe mugihugu ca Kenya.

Ukudandariza amasandugu (cercueil) bahambamwo abapfuye impande y’ivuriro canke ibitaro,vyaraye bibujijwe mugihugu ca Kenya.

Isanamu yerekana abagabo bateruye Isandugu mugihugu ca Kenya.

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe  n’umukuru w’igisagara ca Kisumu Sam Okelo kuruyu w’Imana ,igenekerezo rya 5 Nzero 2020 aho yamenyeshako kizira kikaziririzwa ko abantu babandanya badandaza amasandugu bahambamwo abapfuye hampande y’amavuriro canke ibitaro.

Kubwa Sam Okelo,gucuruza amasandugu impande y’amavuriro canke ibitaro bituma abarwayi batagira icizere cogukira mugihe baba bashikanywe kwa muganga,ndetse bakaguma bafise uruhagarara.

Twobibutsako,ivyo Sam Okelo yabimenyesheje mugihe yariyagendeye rimwe mumavuriro asanzwe ari mugisagara ca Kisumu.

You may also like...