Africa yepfo yateye umugongo Amerika yiyamiriza igitero bakoze kuri Gen.Qassem Soleimani.

Igihugu ca Africa yepfo gisanzwe kiri mu runani BRICS (Bresil ,Russia,India,China ,South Africa) nayo yateye umugongo Reta zunze ubumwe za Amerika yiyamiriza igitero bakoze kuri General Qassem Suleimani.

Isanamu yerekana abasirikare ba Africa yepfo bari mumwyitozo.

Babicishije muri The African National Congress (ANC) umugabwe usanzwe uri kubutegetsi muri ico gihugu bamenyesheje ko badashigikiye na gato ivyo Amerika yakoze mukugandagura bunyamanswa General Qassem Soleimani.

Amajambo yanditswe n’umugambwe ANC uri kubutegetsi muri Africa yepfo biyamiriza urupfu rwa Gen.Qassem Soleimani.

Igihugu ca Africa yepfo kikaba gisanzwe arico neza  gihugu kimwe rudende kumugabane wa  Africa gitunze ikirwanisho ruhonyanganda.

Tubibutseko,kuva General Qassem Soleimani yagandagurwa,atakindi gihugu co kumugabane wa Africa kirerekana aho gihagaze mukibazo ca Iran na Reta zunze ubumwe za Amerika.

You may also like...