Donald Trump yemeye kw’ingabo ziwe ziri mugihugu ca Irak zatewe n’igihugu ca Iran.

Donald Trump,umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika yemeye kwingabo ziwe zirimugihugu ca Irak zatewe n’igisirikare c’igihugu ca Iran.

Donald Trump,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Abicishije kurubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa Twitter ,Donald Trump,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika  yemeye kwibirindiro vyabasirikare ba Amerika biri muri Iraq vyagabweko ibitero bizananye bivuye mugihugu ca Iran.

Mumajambo yiwe ,Donald Trump yagize ati “All is well! Missiles launched from Iran at two military bases located in Iraq. Assessment of casualties & damages taking place now. So far, so good! We have the most powerful and well equipped military anywhere in the world, by far! I will be making a statement tomorrow morning.”

Amajambo yanditswe na Donald Trump,abicishije kurubuga rwiwe Twitter yemeza igitero cakozwe kungabo ziwe ziri muri Irak.

Twobibutsako,igihugu ca Iran cakoze ibitero kubirindiro vy’abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika inyuma yaho abanyamerika biciye General Qassem Soleimani yarasanzwe ari umusirikare akomeye cane ngaho mugihugu ca Iran,akaba yagandaguriwe mugihugu ca Irak aho yaragiye munama.

You may also like...