Umurundikazi wumunyamideri yagirizwa urupfu rw’Uganda yongeye kujanwa imbere y’ubutungane

Cynthia Munwangari ,umunyamideri w’umurundikazi akaba n’umwe mubanyamideri bakomeye cane mu Burundi yongeye kujanwa imbere y’ubutungane bw’igihugu ca Uganda ,arikumwe na Kanyamunyu, uwusanzwe avurwa ko yoba ari umukunzi wiwe .

Cynthia Munwangari hamwe na Kanyamunyu kw’ifoto

Bitangazwa na Steven Mubiru umukuru wa Sentare  ifise uru rubanza mu minwe yamenyesheje ko uru rubanza  rwari rutegekanijwe gusasa igenekerezo rya 11 kigarama 2019 ,ariko ntivyakunda ariko guca barushira k’isango ryo hagati ya 08 /na 10 nzero 2020 .

Aba bose babiri haba uyu munyamideri w’umurundi Cynthia Munwangari hamwe na Kanyamunyu ,umurwizatunga wo mugihugu ca Uganda bagirizwa kwica umugabo wo muri Uganda azwi nkw’izina rya Akena.

Cynthia Munwangari hamwe na Kanyamunyu bari bafashwe mu mwaka wa 2016 ,inyuma yaho bagirijwe ko boba bishe umugabo yarahejeje kugonga imodoka bari barimwo  mu gice ca  Lugogo mu gisagara ca Kampala .

Mu rwandiko rwasizwe rwanditse n’uyu mugabo imbereye yuko apfa yasize avuze ko yagonze imodoka yarimwo  Cynthia Munwangari hamwe na Kanyamunyu  ,akiyigonga yiruka ku muryango wiyo modoka kugira asabe akigongwe  nyene iyo modoka ariko abarimwo hakumwumviriza baciye bamurasa urusasu .

Akena akaba yagiye  gucikanira ku bitaro vya Norvic Hospital biri mu gice ca  Bombo  .

Kurundi ruhande aba barerwa icaha co kwica uyu mugabo ,Akena , bamenyesha ko batigeze bica uyu mugabo ahubwo ko bamutwaye kwa muganga ahejeje kuraswa .

You may also like...