Muri Uganda,umushehe yagize ubugeni (Mariage) n’uwundi mugabo basangiye igitsina yahagaritswe.

Mugihugu ca Uganda,umukozi w’Imana wo mw’idini ryaba Islam yaheruka gukora ubugeni,(mariage),n’umugabo basangiye igitsina yahagaritswe mumabanga yogukorera Imana.

Ubugeni bwa Sheikh Mohammed yarongoye umugabo basangiye igitsina.

Sheikh Mohammed Mutumba ,umugabo yarasanzwe ari umukozi w’Imana w’ishengero ry’aba Islam mugihugu ca Uganda,mugisagara ca Kayunga Sub-county,kumusigiti wa Kyampisi Masgid Noor Mosque,yaheruka gukora ubugeni n’uwundi mugabo basanzwe bahuje ibitsina yahagaritswe muri iryo banga ryokuba umukozi w’Imana.

Amakuru atangwa na Sheikh Mohammed Mutumba yagirizwa kurongora uwobahuje igitsina,avuga ko yakoze ubukwe n’uwomusore atabizi ko ari umusore,kubwiwe yaraziko ari inkumi arongoye.

Sheikh Abdoul Noor Kakande,umushehe mukuru amenyeshako Sheikh Mohammed Mutumba yahagaritswe kugira babanze bomukoreko amatohoza kugira bamenye vyukuri ko yarongoye uwo bahuje igitsina atabizi kuko vyagiye kumenyekana mugihe baribamaranye indwi 2 kandi akaba atigeze abishira ahabona.

Sheikh Mohammed Mutumba,akaba yaraherutse kugira ubukwe n’umusore yigize umukobwa yiyisie Swabullah Nabukeera ariko amazina yiwe yukuri akaba yitwa Richard Tumushabe,nkuko vyamenyeshejwe n’igipolisi mugihe camuvumbura mumukwabu wogusaka abasuma baribahejeje kwiba muri ico gisagara .

You may also like...