Abasirikare 30 ba Iran bamaze gutabwa mumvuto bagirizwa iraswa ry’indege ya Ukraine.

Abasirikare bashika mirongo itatu (30) b’igihugu ca Iran bamaze gutabwa mumvuto bagirizwa iraswa ry’indege y’igihugu ca Ukraine .

Ibisigarizwa vy’indege ya Ukraine yarasiwe mugihugu ca Iran.

Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umuvugizi wa reta ya Iran bwana Gholmhossein Essmaili,kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 14 Nzero 2020,aho yamenyesheje ko abasirikare bashika 30 bamaze guhagarikwa kubera uruhara bagize mw’iraswa ry’indege ya Ukraine mugihe yarihagurutse iva kukibuga c’indege i Teheran.

Hassan Rohani,umukuru w’igihugu ca Iran,yamenyesheje ko abagirizwa iraswa ry’indege ya Ukraine ,bazoburanishwa na sentare idasanzwe muri ico gihugu.

Twobibutsako,iyo ndege ya Ukraine yarashwe kw’igenekerezo rya 8 Nzero,mugihe yari maze imibota ibiri gusa ihagurutse kukibuga c’indege mpuzamakungu cokumurwa mukuru Teheran w’igihugu ca Iran,ndetse abantu bashika 176 bari muri iyondege akaba atamuntu numwe yashoboye kurokoka.

You may also like...