Trump yagirijwe n’umushingamateka kudandaza abasirikare ba Amerika mubindi bihugu.

Mugihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,umushingamateka yagirije Donald Trump,umukuru wico gihugu,kudandaza abasirikare ba Amerika mubindi bihugu.

Donald Trump,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika.

Justin Amash,umushingamateka yatowe muntara ya Michigana,muri reta zunze ubumwe za Amerika,yamenyesheje umukuru wico gihugu Donald Trump kudandaza abasirikare ba Amerika mugihugu ca Arabia Saoudite.

Ivyo,Justin Amash akaba abivuze inyuma yaho Donald Trump,amenyesherejeko agiye kurungika izindi ngabo za Amerika mugihugu ca Arabiya Saoudite muntumbero yokwongereza umutekano wico gihugu ariko Arabia Saoudite itegerezwa gutanga amahera kugihugu ca Amerika,ndetse icogihugu kikaba cari kimaze gutanga amahera atari make kubera ingabo za Amerika zarizisanzwe zaragiye gucungera umutekano muri ico gihugu .

Amajambo yanditswe na Justin Amash aho avugako Trump agurisha Abasirikare ba Amerika mubindi bihugu.

Donald Trump,amenyeshako ibihugu bitunze bitegerezwa gutanga amahera kugira reta zunze ubumwe za Amerika zishobore kubarungikira abasirikare bokubacungera umutekano,aho agatanga akarorero k’ingabo za Amerika zarungitswe mugihugu ca Koreya yepfo aho icogihugu kimaze kuriha amahera y’abanyamerika agera ku 500.000.

Twobibutsa ko uwo mushingamateka Justin Amash yaheruka kuva mumugambwe waba republicain ndetse akaba ariwe yatanguye gusaba ko Donald Trump yovanwa kubutegetsi.

 

You may also like...