Abatavuga rumwe na reta ya Kagame ,babandanya banyuruzwa kamwe kamwe.

Mugihugu c’uRwanda,abanyeporitike basanzwe batavuga rumwe na reta irongowe na Paul Kagame,babandanya banyuruzwa kamwe kamwe.

Kamwe muturorero twahafi cane tw’umunyeporitike atavuga rumwe na reta ya Kagame yanyurujwe,ni uwitwa Augustin Niyitegeka umukuru w’umugambwe wa NDP ngaho mugihugu c’uRwanda.

Augustin Niyitegeka,umukuru w’umugambwe NDP murwanda yanyurujwe.

Augustin Niyitegeka akaba yaburiwe irengero kuva kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2020,mugihe yarahejeje kwinjira mugihugu c’uRwanda kuko yarasanzwe avuye murugendo mugihugu c’uBurundi,ndetse kuva icogihe akaba atamuntu numwe arasubira kumukubita ijisho.

Twobibutsako,atagihe kirekire cari giheze Ben Rutabana,umunyeporitike atavuga rumwe na reta y’uRwanda wo mumugambwe aburiwe irengero,ndetse gushika nubu abo mumuryango wiwe bakaba bararondeye barahebura.

Ben Rutabana,umunyeporitike atavuga rumwe na reta yurwanda yanyurujwe.

Ben Rutabana akaba yaburiwe irengero mugihe yarari murugendo mugihugu ca Uganda kuko yarasanzwe yibera mubuhungiro mugihugu c’Ububirigi.

You may also like...