Ingabo za Congo ziriko zirahiga buhongo umukuru w’abarwanyi ba ADF.

Ingabo z’igihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo FARDC,ziriko zirahiga buhongo umukuru w’abarwanyi ba ADF (LES FORCES DEMOCRATIQUES ALLIEES).

Isanamu yerekana ingabo za Congo ziriko zirakurikirana abarwanyi ba ADF.

Amakuru dukesha bagenzi bacu b’isamirizi OKAPI ngaho mugihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,Musa Seka Baluku,asanzwe ariwe arongoye abarwanyi ba ADF murikino gihe,ariko araronderwa bimwe bikomeye n’igisirikare ca Congo.

Muri urwo ruhigi,Igisirikare ca Congo kiriko kirabifashwamwo n’ingabo z’urwego rwa ONU muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (MONUSCO),aho babafasha kurondera abarwanyi bakoresheje ubuhinga bwa Sattellitte.

Igisirikare ca Congo kikaba kimenyeshako kiriko kirarondera hasi hejuru Musa Seka Baluku,asanzwe arongoye uwomurwi w’abarwanyi ba ADF inyuma yaho icogisirikare cigaruriye bimwe muvyahora ari ibirindiro vyabo barwanyi ndetse n’abarwanyi batari bake bakaba barafashwe abandi nabo baricwa.

Twobibutsako,Musa Seku Baluku arongoye ADF,yagirizwa n’igisirikare ca Congo kuba ariwe ari kwisonga mubategura ubucanyi nokubushiramungiro mumuhari wa ADF mugisagara ca Beni kuva mu mwaka wa 2015 aho yashikira uburongozi bw’uwomuhari.

You may also like...