Mugihe amatora yimirije,umugambwe CDP wowo utanguye kwirukana indongozi zawo.

Mugihe igihugu c’uBurundi cimirije kuja mumatora muruyu mwaka wa 2020,abanyeporitike bamwe bamwe batanguye kwirukanwa mumigambwe yabo.

Me.David Dusabe yirukanywe mumugambwe CDP.

Kamwe muturorero twahafi,n’iyirukanwa rya Me David Dusabe,yahora ari umwe mundongonzi z’umugambwe CDP(Conseils Des Patriots) kurwego rw’igihugu yaraye ahagaritswe n’ibiro bikuru vy’uwo mugambwe mumabanga yiwe ndetse nomuruyo mugambwe.

Me David Dusabe yaraye yirukanywe mumugambwe CDP urongowe na Anicet Niyonkuru,yarasanzwe arongoye umurwi wo muri uwo mugambwe ujejwe inyigisho zuwomugambwe nokurondera abanywanyi muri uwo mugambwe CDP.

Twobibutsako,naho Me David Dusabe yirukanywe mumugambwe CDP,uwomugambwe ntiwanyesheje imvo zitumye bamwirukana.

You may also like...