Abari mumyiyerekano muri Congo bakubiswe inyuma yogutera amabuye Abapoilisi.

Itana mu mitwe hagati y’abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na reta ya Congo ihurikiye murunani LAMUKA,hamwe n’igipolisi nivyo vyaranze imyiyerekano yabereye mugisagara ca Kinshasa.

Mugihe abatavuga rumwe na reta ya repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo baribazindutse bakora imyiyerekano kumurwa mukuru  Kinshasayo kwiyamiriza ubwicanyi bukorerwa abanyagihugu bo mugisagara ca Beni,abapolisi babakirije ivyuka bikoroza amosozi.

Abatavuga rumwe na reta ya Congo bahurikiye murunani LAMUKA barimumyiyerekano.

Abari mumyiyerekano babonyeko ibintu bikomeye nabo baca bikora kumabuye batangura kuyatera barabisha ahari abapolisi,ariko abapolisi bakaba bashoboye kubashiragiza ndetse abantu bamwe bakaba bakomeretse abandi nabo barafatwa.

Amakuiru dukesha bagenzi bacu bakorera insamirizi ya OKAPI ngaho mugihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,batumenyeshako,abo barimumyiyerekano bariko baragerageza gushika ahari icibutso ca Patrice Lumumba,incungu y’intahe yokwikukira yico gihugu.

Twobibutsako,imbere yuko iyo myiyerekano itangura,abatavuga rumwe na reta ya Congo bahurikiye murunani LAMUKA,babanje kuzindukira mu misa kuri paroisse ya Ndjili,ndetse bakaba bari barongowe na Adolphe Muzito,aramutswa urunani LAMUKA,aherekejwe na mugenziwe Martin Fayulu yari yaserukiye urwo runani mumatora yaheruka mukibanza c’umukuru w’igihugu.

Abenshi mubari bitavye iyo misa yo mugatondo bakaba baribabambaye umwambaro w’amashati yera hamwe n’imipira yera.

You may also like...