Agashimwe kagenewe ababangamiye amahoro kagiye gutanguzwa gutangwa.

Mugihe twari tumenyereye agashimwe kagenewe Amahoro (Prix Nobel de la Paix),hagiye gutangura gutangwa agashimwe kagenewe ,ababangamiye amahoro ,inkozi z’ikibi n’abicanyi.

Isanamu yerekana Salva Kir arikumwe na Rieck Machar muri Uganda mubikorwa vyokugerageza kubahuza.

Dismas Nkunda,umumenyeshamakuru womugihugu ca Uganda,asanzwe akorera ikinyamakuru “The Mail&Guardian”,ndetse akaba asanzwe aharanira agateka kazina muntu abicishije mw’ishirahamwe arongoye ryitwa “Africa Atrocities Watch”,avugako ashaka gukuraho akarenganyo kukugene abantu batanga ubushimwe.

Kubwa Dismas Nkunda,kudatanga agashimwe kunkozi z’ikibi n’abicanyi,n’akarenganyo gakomeye,umwe wese ategerezwa guhabwa agashimwe bivanye n’ibikorwa akora vyaba vyiza canke bibi kugira ibikorwa vyiwe bishiobore kumenyekana kw’isi yose.

Dismas Nkunda avugako gutanga ako gashimwe bidasigurako azoba ari ugushigikira izonkozi z’ikibi n’abicanyi,ahubwo nibwoburyo bwonyene bushoboka kugira abo bantu bashobore kumaramazwa kw’isi yose,kugira abantu bose babamenye ko ari ibicibwa .

Hazohabwa ubushimwe kubantu biboneka ko babangamiye amahoro mubihugu vyabo,abakorera abagore n’abakobwa ifatwa kunguvu,abakora urudandazwa rw’ibirwanisho mumpisho hamwe n’abandi bose bivanye n’ibikorwa bibi bakora.

Twobibutsako,ibikorwa vyogutora uwuzotwara agashimwe kagenewe umuntu yabangamiye amahoro n’umutekano,bizotangura kw’igenekerezo rya 19 Nzero bikazorangira muri Ruhuma,ndetse abantu bakazotora umuntu umwe hagati ya Salva Kir,umukuru w’igihugu ca Sudani yepfo hamwe na Rieck Machar,atavuga rumwe na reta ya Salva Kir.

Kubwa Dismas Nkunda,abo bagabo 2 biraboneka ko aribo babangamiye amahoro n’umutekano w’igihugu ca Sudani yepfo kuko kuva batangura gupfa ubutegetsi,hamaze gupfa abantu 400.000 hamwe n’imiriyoni 4 z’abantu bataye izabo muri icogihugu,ndetse bakaba bararonse abahuza batandukanye ariko bikaba vyarabananiye kwumvikana kuva mu mwaka wa 2013.

You may also like...