Irak irabeshuza abavugako Amerika ibandanya ibikorwa vya gisirikare kubutaka bwabo.

Igihugu ca Irak,kirabeshuza amakuru amaze imisi avugwa ko igisirikare ca reta zunze ubumwe za Amerika coba carabandanije ibikorwa vya giirikare muri icogihugu ca Irak.

Isanamu yerekana abasirikare ba Amerika barikurugamba mugihugu ca Irak.

Ivyo bikaba birimwitangazo ryashizwe ahabona kuruyu wa kane,igenekerezo rya 16 Nzero 2020,aho igisirikare ca Irak kimenyeshako ataruhusha bahaye abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika kugira babandanye bakorera ibikorwa vya gisirikare kubutaka bw’igihugu ca Irak.

Général de brigade Abdel Karim,asanzwe avugira igisirikare ca Irak,amenyeshako,ibiro bikuru vy’igisirikare ca Irak arivyo bitegerezwa gutanga uburenganzira kugira abanyamerika basubire gutangura ibikorwa vya gisirikare muri ico gihugu,ariko gushika ubu ,ubwo burenganzira ntibaraburonswa.

Ibikorwa vyogufashanya hagati y’igisirikare ca reta zunze ubumwe za Amerika n’igisirikare ca Irak vyahagaze inyuma yaho ingabo za Amerika zigandaguriye Gen.Qassem Soleimani ,umusirikare yarakomeye w’igihugu ca Iran yagandaguriwe kubutaka bwa Irak.

Twobibutsako,igisirikare ca Irak kibeshuje ayo makuru mugihe kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 25 Nzero 2020, hari amakuru yavugwako,ingabo za Amerika ziri muri Irak zariko zirakorana ibikorwa vya gisirikare n’ingabo za Irak.

You may also like...