Kuncuro yambere,Papa Francisco yahaye umugore amabanga akomeye i Vatican.

Kuncuro yambere mumateka yisi,umugore yahawe amabanga akomeye yokurwego rwo hejuru  i Vatican kwa Papa Francisco.

Isanamu yerekana Papa Francisco arikumwe na Francesca Di Giovanni

Francesca Di Giovanni,niwemukenyezi wa mbere yahawe kurongora amabanga akomeye yokurwego rwohejuru muri reta ya Vatican,inyuma yaho Papa Francesco amushingiye amabanga yokuba umunyamabanga ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu wa reta ya Vatican.

Mw’itangazo ryasohowe na Vatican,Francesca Di Giovanni,abaye umukenyezi wa mbere ashoboye kuronswa amabanga akomeye i Vatican ariko akaba yaramaze imyaka ishika ku 27 akorera mubindi bisata bitandukanye ngaho i Vatican.

Mme Francesca Di Giovanni,yaraye atorewe amabanga akomeye muri reta ya Vatican kwa Papa Francisco,afise imyaka 66 y’amavuka ,ndetse akaba yize ibijanye n’amategeko muri kaminuza.

Twobibutsako,Papa Francisco ahaye amabanga akomeye uwo mukenyezi,inyuma yaho mumisa yakoresheje yogutanguza umwaka mushasha wa 2020,yari yavuzeko abagore nabonyene bafise ibintu vyinshi bashoboye,ndetse bategerezwa gushirwa mubibanza bafata ingingo.

You may also like...