Menya kaminuza 10 za mbere kw’isi bigisha neza ubuvuzi (Medecine).

Uko umwaka utashe,abashakashatsi mubijanye n’ingene ubumenyi butangwa bifashishije ibiharuro bitangwa na  :Times Higher Education Ranking, QS Rankings, Shanghai Rankings na  Best Global Universities,barakora urutonde rw’amakaminuza yigisha neza ibisata bitandukanye .

Isanamu yerekana umunyeshure ariko arakora ubushakashatsi mubuvuzi.

Muri uyu mwaka duhejeje wa 2019,abahinga baragerageje gukora ubushakashatsi,aho bakoze urutonde rwa kaminuza 10 za mbere kwisi,aho ivyirwa vy’ubuvuzi (medecine) bitangwa neza gusumba ahandi kw’isi.

Kuri urwo rutonde rwa kaminuza cumi zigisha neza ibijanye n’ubuvuzi kw’isi,6 zose nizo mugihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,ndetse umugabane wa Africa ukaba utashoboye kuronka ikibanza kuri urwo rutonde.

Uru nirwo rutonde rwa kaminuza 10 za mbere zigisha neza ivyigwa vy’ubuvuzi kw’isi yose :

  • Université de Harvard, États-Unis (Reta zunze ubumwe za Amerika)
  • Université d’Oxford, Royaume-Uni (Ubwongereza)
  • Université de Cambridge, Royaume-Uni (Ubwongereza)
  • Université de Stanford, États-Unis (Reta zunze ubumwe za Amerika)
  • Université Johns Hopkins, États-Unis (Reta zunze ubumwe za Amerika)
  • Institut Karolinska, Suède
  • Universites de Californie,Los Angeles,(UCLA) États-Unis (Reta zunze ubumwe za Amerika)
  • Université de Yale, États-Unis (Reta zunze ubumwe za Amerika)
  • Massachussettes Institute of Technology(MIT0 , États-Unis (Reta zunze ubumwe za Amerika)
  • UCL, UK (Ubwongereza)

You may also like...