Umukozi w’Imana muri Iran avugako Imana yafashije mugutera ibisasu kungabo za Amerika.

Umukozi w’Imana asanzwe yemewe mugihugu ca Iran,yaraye amenyeshejeko ukuboko kw’Imana kwafashije igihugu ca Iran mugutera ibisase kubirindiro vy’Abanyamerika.

Umukozi w’Imana Ali Khamenei,mugihe yariko aravuga ubutumwa kumusi wejo.

Mumasengesho yabaye kumusi wejo ndetse akanacishwa kumboneshakure ikibiriraho mugihugu ca Iran,umukozi w’Imana Ali Khamenei,yamenyeshejeko,Ikiganza c’Imana cafashije abasirikare ba Iran mugucucagira ibisase vya Missilles kubirindiro vy’abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika mugihugu ca Irak.

Ali Khamenei,asanzwe ari umukozi w’Imana yemewe cane muri icogihugu ca Irak,avugako umusi Igisirikare ca Irani catera ibisasu kubirindiro vy’abasirikare ba Amerika muri Irak wategerezwa gufatwa nk’umusi mweranda kugihugu ca Irani kuko bikuyeko umwansi kandi n’Imana yarabashigikiye.

Mumajambo yiwe Ali Khamenei yagize ati :”Kubona igihugu ca Irak gishobora gucucagira ibisase kubasirikare b’igihugu cigirako gikomeye kandi ciyemera bigakunda,bisigurako ikiganza c’Imana carikumwe n’igisirikare ca Iran.”

Twobibutsako,inyuma yayo majambo,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika bwana Donald Trump yagize ico avuga,mumajambo yiwe akaba yagize ati:”uwigira ko ari umukozi w’Imana akomeye mugihugu ca Iran ariko akaba mbere atagikomeye,yavuze amajambo mabi kugihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika n’uburayi,yarakwiye kubanza akiyumvira amajambo ashikiriza kuko ubutunzi bw’igihugu cabo bugeze ahatemba ndetse abanyagihugu babo bakaba aribo basinzikaye.”

You may also like...