Abiyonkoye kumugambwe CDP binjiye icese ,muri FNL ya Jacques Bigirimana.

Mugihe amatora yegereje,abanyeporitike batandukanye batanguye gukoresha imikenyuro yose ishoboka kugira bashobore gutsinda ayomatora.

Kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 19 Nzero 2020,abanywanyi baheruka kwiyonkora kumugambwe CDP urongowe n’umushingantahe Anicet Niyonkuru binjiye icese mumugambwe FNL urongowe n’umushingantahe Jacques Bigirimana.

Bamwe mubiyonkoye mumugambwe CDP binjiye icese mumugambwe FNL .

Abo biyonkoye kumugambwe CDP bakinjira muri mumugambwe FNL,baribarongowe na Me.David Dusabe,yaheruka kumenyeshako avavanuye n’imigambi ya Anicet Niyonkuru asanzwe arongoye umugambwe CDP.

Inyuma yaho abo mumugambwe CDP bamenyeyeko abiyonkoye binjiye icese muri FNL,baciye batangura guterana amajambo nabiyonkoye, aho vyabonekako badahuriza kubitigiri vy’abinjiye icese mumugambwe FNL,kuko mumugambwe CDP bamenyeshako hagiye abadashika 10.

Amajambo yacishijwe kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter rw’umugambwe CDP bavugako hagiye abadashika 10.

Naho biruko, kuruhande rwabagiye,David Dusabe,yabaserukiye arabeshuza indongozi z’umugambwe CDP kuko wewe  amenyeshako hagiye abashika ku 70 bavuye mumugambwe CDP mugisagara ca Bujumbura.

Amajambo yacishijwe kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter rwa David Dusabe abeshuza umugambwe CDP kubitigiri vyabinjiye muri FNL.

Abo mumugambwe CDP bakaba basavye abiyonkoye bakaja muri FNL y Jacques Bigirimana ko bosubiza umwambaro wuwo mugambwe baribagiye bambaye munama y’uwundi mugambwe.

Twobibutsako,Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP yaheruka gutahuka avuye mubuhungiro,ndetse umusi wa mbere ashika kukibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye akaba yakiriwe na Jacques Bigirimana.

You may also like...