Uwugiye kwitoza kurongora uBurundi,yavuze amajambo akomeye cane:umviriza amajwi.

Pasteur Nahimana Dieudonné arongoye Fondation DNF yatanganje ko agiye kwitoreza gutwara u Burundi mu matora agiye kuba mu mwaka wa 2020. Akaba abaye uwigenga wa mbere amenyesheje Ku mugaragaro ko azikwitoreza kurongora igihugu.

Dieudonné Nahimana,umukandida yigenga agiye kwitoreza kuyobora uBurundi.

Afata ijambo imbere yabayoboke biwe ,Dieudonné Nahimana,yamenyesheje kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 18 Nzero ko agiye kwitoreza mukibanza c’umukuru w’igihugu mumatora uBurundi bwimirije muruyu mwaka wa 2020.

Dieudonné Nahimana,akaba yamenyesheje ko abarundi baruhijwe nokwitwa ko bava mugihugu gikenye,baruhijwe nokwitwa abantu batagira ubwenge,abarundi bararuhijwe nokwitwa abanyamacakubiri,eka n’ibindi vyinshi.

Twobibutsako,Dieudonné Nahimana,agiye kwitoreza mukibanza c’umukuru w’igihugu mumatora yimirije,asanzwe ari umukozi w’Imana ndetse akazokwitoza kugiti ciwe atamugambwe numwe aserukiye.

Umviriza amajwi ya Dieudonné Nahimana ngaha musi wumve ijambo ryiwe ryose.

You may also like...