Itana mumitwe ry’abapolisi n’abiyamiriza reta ya Irak ryakomerekeje benshi.

Mugihugu ca Irak,ibintu ntivyoroshe hagati y’abapolisi hamwe n’abanyagihugu bazindukiye mumabarabara biyamiriza reta ihari .

Kuva mugatondo ka kare ko kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 20 Nzero 2020,abanyagihugu bo mu gihugu ca Iraq  bazindukiye mu mabarabara  yo kumurwa mukuru Bagdad,mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta ihari  hamwe n’ibiturire vyimonogoje muri ico gihugu ca Irak .

Isanamu yerekana abanyagihugu bahanganye n’abapolisi mugihugu ca Irak.

Mugihe abapolisi baje bitwaje ivyuka bikoroza amosozi,kurundi ruhande,abanyagihugu bari mumyiyerekano baje bitwaje ivyobamabara kumazuru kugira bashobore guhangana n’ivyuka bikoroza amosozi .

Amakuru dukesha bagenzi bacu b’itangazamakuru ry’abafaransa AFP,avugako,abapolisi bahavuye bakoresha amasase nyayo kugira bashobore gushwiragiza abo banyagihugu baharurwa mubihumbi bitabiriye iyo myiyerekano,ndetse abatari bake bakaba bakomerekeye muri ako kajagari.

Abo banyagihugu bari mu myiyerekano bakaba basaba reta ihari gutegura amatora yihuta kugira haboneke inzego nshasha zizewe hama abagirizwa ibiturire bafatwe bongere bahanwe atakuraba kuruhande.

Iyo myiyerekano ikaba yari yatanguye mukwezi kwa gitugutu 2019,ariko muntango z’ukwezi kwa mbere 2020,ikaba yariyabanjwe guhagarikwa kubera ibibazo igihugu carimwo ,inyuma yigandagurwa rya Gen.Qassem Soleimani wa Iran kubutaka bw’ico gihugu.

Twobibutsako,kuva iyo myiyerekano yatangura muri gitugutu 2019,abantu bashika 460 bamaze kuhasiga ubuzima,abagera 25000 nabo bakaba bamaze gukomereka nkuko bishikirizwa na AFP.

You may also like...