Jacques Bigirimana arahanura abanywanyi biwe baguma bamusaba amafaranga.

Umukuru w’umugambwe FNL,umushingantahe Jacques Bigirimana,yaraye ahaye impanuro abanywanyi b’umugambwe wiwe banka gukora ibikorwa vy’umugambwe bakaguma bamusaba amahera.

Mw’ijambo yashikirije abanywanyi biwe Jacques Bigirimana, yaribukije Abanamarimwe b’umugambwe FNL bareka kwigisha umugambwe bitwaje ko batagira itike canke amahera yo guterefona n’ibindi, ko bokora nk’abaporona bo mu mwaka w’1961 batsinze abazungu kandi bari bakenye,canke aba Frodebu bo mumwaka w’ 1993 batsinze UPRONA kandi batagira amahera, ariko bashize imbere INTSINZI.

Jacques Bigirimana,umukuru w’umugambwe FNL mugihe yariko arakira abanywanyi bashasha bavuye muri CDP

Jacques Bigirimana akaba yasavye abanywanyi biwe bazobabariko barakurikirana amatora   kuzisonzesha bakaguma ku biro vy’amatora umunsi w’amatora nkuko  abakirisu, aba isilamu canke abaporoti bahora babikora.

Ivyo akaba yabivuze kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 19 Nzero 2020,mw’ikoraniro risanzwe ry’umugambwe FNL ryabereye mugisagara ca Bujumbura aho bariko barakira abanywanyi bashasha bashika ku 70 bavuye mumugambwe wa CDP.

Twobibutsako,umukuru w’umugambwe Jacques Bigirimana yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha abanywanyi biwe ko ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe FNL ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2020,aho bazokwitorera uwuzobaserukira mukibanza c’umukuru w’igihugu mumatora igihugu c’uBurundi cimirije.

You may also like...