Prezida wa Africa yepfo,agiye kwirukana mukazi abantu bahawe amabanga atabumenyi bafise.

Umukuru w’igihugu ca Africa yepfo,Cyril Ramaphosa,yamenyeshejeko agiye kwirukana mukazi abantu bose bahawe amabanga atandukanye ariko atabumenyi babifitiye.

Cyril Ramaphosa,umukuru w’igihugu ca Africa yepfo .

Ivyo bikaba biri murwandiko yasohoye kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 20 Nzero 2020,aho yamenyesheje ko abantu bose bari mubuzi butandukanye ariko atabumenyi bukwiye bafise bivabye nivyo bakora bategerezwa gusezererwa.

Umutwe wurwandiko rwa Cyril Ramaphosa,wavuga uti:”Igihugu gishoboye,”muri urwo rwandiko yashimikiye cane kungendo zitandukanye umugambwe wiwe wa ANC waheruka gukora muntumbero zoguhimbaza imyaka uwo mugambwe umaze,utanguye gukora,aho bazungurutse ahantu hatandukanye ariko akaba yaratangajwe nuko yasanze ibintu bimwe bimwe bimeze.

Umukuru w’igihugu Cyril Ramaphosa,akaba yamenyesheje muri urwo rwandiko ko ibisata bimwe bimwe vyaho yagiye araca yasanze bikora nabi kubera ababijejwe usanga atabumenyi bukwiye babifitiye ariko ugasanga n’abantu bakomeye mumugambwe wa ANC.

Cyril Ramaphosa,akaba yamenyesheje muri urwo rwandiko ko iyo ngendo itegerezwa guhagara kuko ituma igihugu kidatera intambwe kija kwiterambere,kubera usanga abajejwe gufata ingingo atakintu bashoboye.

Muri urwo rwandiko,Cyril Ramaphosa yatunze agatoki,ishirahamwe risanzwe ritanga umuyagankuba mugihugu ca Africa yepfo aho yavuzeko kuba ridashobora gutanga umuyagankuba ukwiye mugihugu,bisigurako n’igihugu kidashobora gukora neza kandi vyoshoboka ko umuyagankuba uboneka nkuko abantu bawipfuza.

Twobibutsako,Cyril Ramaphosa,umukuru w’igihugu ca Africa yepfo yarangije amenyeshako kuva ubu,umuntu wese azohora ashingwa amabanga bivanye nivyo ashoboye,ivyo gukorokera mubibanza bikomakomeye kubera umugambwe gusa vyaramaze guta igihe.

You may also like...