Irani iremanga ko yateye Missilles 2 kundege Boeing 737 ya Ukraine.

Igihugu ca Irani kiramaze kwemanga ko arico cakoze igitero ca Missilles zibiri kundege y’igihugu ca Ukraine mugihe yari imaze iminota 2 gusa ivuye kukibuga c’indege i Teheran,kumurwa mukuru wa Irani.

Isanamu yerekana aho indege ya Boeing 737 ya Ukraine yarasiwe mugihugu ca Irani.

Mumatohoza yaraye ashizwe ahabona kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 20 Nzero 2020 n’ishirahamwe rijejwe ivyindege ryo ngaho mugihugu ca Irani CAO (Organisation de l’Aviation Civile iranienne),amenyeshako Missilles 2 zatewe zirabishwa aho iyo ndege ya Boeing 737 y’igihugu ca Ukraine yari iherereye.

Abakoze amatohoza bamenyeshako bifashishije amakuru bakuye mubiro bikuru vyagisirikare,aho basanze Missilles 2 zo mubwoko bwa M1-TOR zararashwe uwomusi ndetse zikaba zatumberejwe kuri iyo ndege zizananye muburaruko,aho vyari vyoroshe ko zihitana iyo ndege.

Inyuma y’imisi itatu iyo ndege irashwe,ibiro bikuru vya gisirikare ca Irani babicishije kuri Gen.Amirali Hajizadeharongoye ingabo zirwanira mukirere,vyaremeje ko aribo bakoroye iyo ndege ariko bakaba bemerako Missille imwe gusa ariyo yatewe iyo ndege kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2020,ndetse ko bayirashe bataribabigambiriye.

Twobibutsako,iyo ndege ya Boeing 737 ya Ukraine yarasiwe mugihugu ca Irani kukibuga c’indege cokumurwa mukuru Teheran kw’igenekerezo rya 8 Nzero 2020,ndetse abantu bashika 176 bose bari bayirimwo atanumwe yashoboye kurokoka.

You may also like...