Uwugiye kurongora umuhari witerabwoba wa Etat Islamique yamenyekanye.

Intagondwa nshasha igiye kurongora umuhari w’iterabwoba wa Etat Islamic yamenyekanye bigoranye cane kuko afise amazina menshi.

Amir Mohammed asigaye aramutswa umuhari w’iterabwoba wa Etat Islamique.

Amakuru atangazwa n’ikimenyeshamakuru citwa “The Guardian”,amenyeshako,Amir Mohammed Abdul Rahman al-Mawli al-Salbi ariwe aramutswa umuhari w’iterabwoba wa Etat Islamique wiyitirira idini rya Islam.

Amir Mohammed Abdul Rahman al-Mawli al-Salbi akaba yamenyekanye ko ari arongoye umurwi wa Etat Islamique inyuma y’amatohoza akomeye yakozwe n’iperereza rya reta zunze ubumwe za Amerika rifatanije n’iperereza ry’igihugu ca Irak aho bashoboye gukoresha abasomyi burusaku batandukanye kugira bashobore kumenya vy’ukuri uwutwara uwo muhari ndetse bamwe mubasomyi burusaku bakaba barahasize ubuzima.

Uwo mukuru mushasha w’umurwi witerabwoba wa Etat Islamique yamenyekanye inyuma yaho uwarasanzwe arongoye uwomuhari yarazwi kumazina ya Aboubakara al-Baghdadi yagandaguriwe mugihugu ca Syriya mugitero cakozwe n’abasirikare ba reta zunze ubumwe za Amerika kw’igenekerezo rya 27  Gitugutu 2019.

Amir Mohammed Abdul Rahman al-Mawli al-Salbi,yatowe kugira arongore umurwi wa Etat Islamique yavukiye mugihugu ca Irak mugisagara ca Tal Afar ndetse akaba yagiye araduzwa muri uwo muhari witerabwoba kubera ivyiyumviro vyiwe mubijanye na Charia kuko asanzwe yararonse impamya bushobozi yavyo kw’ishure kaminuza rya Mossoul.

Mumwaka wa 2004,Amir Mohammed Abdul Rahman al-Mawli al-Salbi,yarafashwe yongera arafungwa n’igisirikare ca reta zunze ubumwe za Amerika mw’ibohero ry’ikambi ya gisirikare ya Bucca iri mubumanuko bw’igihugu ca Irak.

Twobibutsako,igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kimaze kumenyeshako kizotanga imiriyoni 5 z’amadorare y’abanyamerika kumuntu wese azoshobora kwica  Amir Mohammed Abdul Rahman al-Mawli al-Salbi yoba aherereye .

You may also like...