Menya ibihugu 10 bifise abantu bake cane kw’isi,aho badakwiza umuriyoni w’abantu.

Naho isi yose igizwe n’abantu barenga imiriyaridi indwi,hariho ibihugu bitari bike bifise abantu usanga badashika n’umuriyoni umwe.

Isanamu yerekana igisagara c’igihugu ca Saint Marin kimwe mubihugu bifise abantu bake cane kw’isi.

Mubushakashatsi bwakozwe n’ikigo CIA World Factbook,basanze hariho ibihugu 10 vyo kw’isi bifise abantu bake cane gusumba ibindi,ndetse abashakashatsi bakaba bavugako kimwe mumpamvu zituma ivyo bihugu bifise abantu bake cane nuko navyonyene ubwavyo bisanzwe ari bito cane ugereranije n’ibindi bihugu.

Vyinshi muri ivyo bihugu bifise abantu bake cane kw’isi yose ugereanije n’ibindi bihugu usanga ari uduhugu dutoduto twibereye hagati y’inyanja zitandukanye ndetse utwo duhugu tukaba tutanamenyerewe cane kuko usanga abantu batari bake batatuzi.

Uru nirwo rutonde rw’ibihugu 10 bifise abantu bake hamwe n’abantu bifise:

10. îles Marshall :abantu  74 539

9. Dominique :abantu 73 897

8. Saint-Christophe-et-Niévès :abantu 52 715

7. Liechtenstein :abantu bashika 38 244

6. Saint-Marin :abantu 33 537

5. Monaco :abantu 30 645

4. Palaos :abantu  21 431

3. Nauru :abantu 11 359

2. Tuvalu : abantu 11 052

1. Le Vatican : abantu barenga gato 1000

You may also like...