Abanyamerika 3 bahitanywe n’isanganya ry’indege yariko irazimya umuriro muri Australie.

Abanyamerika batatu bahitanywe n’isanganya ry’indege mugihugu ca Australie,mugihe iyo ndege yariko iragerageza gufasha kuzimya umuriro wabaye ndanse muri ico gihugu.

Isanamu yerekana indege ya Sosiyete ya Coulson Aviation yagize isanganya mugihugu ca Australie.

Ivyo bikaba vyabaye mubucagucagu bwo kuruyu wa kane,igenekerezo rya 23 Nzero 2020,aho indege yo mubwoko bwa C-130 Hercules, yarisanzwe iriko irafasha kuzimya umuriro umaze imisi itari mike uturira ugatongora mugihugu ca Australie yaburirwa irengero kubasanzwe barongora indege bari hasi ariko inyuma yaho bakaba bahavuye bayitora aho yasambukiye.

Naho icatumye iyo ndege ikoroka kitaramenyekana,nuko abanyamerika batatu baribayirimwo ndetse baribasanzwe bayikoresha mukuzimya umuriro aho wadutse,atanumwe yashoboye kurokoka muri iryo sanganya.

Shane Fitzsimmons,arongoye umurwi w’abantu bariko baragerageza kuzimya umuriro mugisagara ca Nouvelles Galles du Sud ngaho mugihugu ca Australie,yari yamenyeshejeko ikirere kimeze nabi cane kubera umuyaga uteye ubwoba wariko uribonekeza imbere yuko iyo ndege igira isanganya.

Abo banyamerika batatu bahitanywe niryo sanganya ry’indege ngaho mugihugu ca Australie,baribasanzwe ari abahinga badasanzwe mubijanye no kuzimya imiriro bifashishije indege,ndetse bakaba bakorera sosiyete y’indege yitwa Coulson Aviation yomugihugu ca Canada,ndetse akaba ariyo yariyabarungitse kuza kuzimya umuriro mugihugu ca Austalie.

David Littleproud,umushikiranganji wa Australie ajejwe ivyo gutabara no gukinga impanuka,inyuma yiryo sanganya akaba yamenyeshejeko,urupfu rwabo banyamerika batatu rwerekanye ibibazo bikomeye abariko baragerageza kuzimya umuriro muri ico gihugu bariko barahura navyo kurubuga.

Twobibutsako,kuva umuriro waduka muri ico gihugu ca Australie,umaze guhitana abantu bashika kuri 32,ibikoko biharurwa mu mamiriyoni bikaba navyonyene vyarahasize ubuzima.

You may also like...