Bitangaje cane,Magufuli yirukanye mukazi umushikiranganji wiwe imbere y’abantu.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,John Pombe Magufuli,yirukanye mukazi umushikiranganji w’ico gihugu ajejwe intwaro yohagati mugihugu.

Isanamu yerekana Pombe Magufuli arikumwe n’umushiranganji Kangi Lugalo

Mukiganiro caciye kumboneshakure zitandukanye ngaho mugihugu ca Tanzaniyakuruyu wa kane,igenekerezo rya 23 Nzero 2020,umukuru w’ico gihugu John Pombe Magufuli yatangaje abantu benshi,aho yamenyeshako yirukanye mumabanga Kangi Lugola, umushikiranganji ajejwe intwaro yohagati mugihugu,ndetse akaba yamwirukaniye imbere y’abantu.

John Pombe Magufuli akaba yirukanye uwomushikiranganji mugihe yari mubirori vyo gushikiriza  inyubakwa nshasha zubakiwe imiryango y’abapolisi ngaho mugihugu ca Tanzaniya.

Mugihe yariko arashikiriza ijambo,umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,John Pombe Magufuli,yamenyesheje ko yirukanye mumabanga Kangi Lugola kubera yagiranye amasezerano n’amashirahamwe atandukanye azotwara uburyo bwinshi kandi imigambi izorangurwa itazwi na reta.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya akaba yamenyeshejeko akunda umushikiranganji Kangi Lugola ndetse akaba yaranamwigishije mumashure yisumbuye,ariko kubera adashoboye gukora akazi ajejwe neza,ntakindi yomufasha kiretse kumwirukana mumabanga hakaza abandi babishoboye.

Mumajambo magufuli yakoresheje yatangaje abantu benshi mukwirukana mukazi uwo mushikiranganji yagize ati :”natangaye kubona umushikiranganji Kangi Lugola yicaye ngaha,bivanye n’amajambo nari namubwiye,sinari niteze ko ndamusanga ngaha muri bino birori,yategerezwa kuba yamaze gutanga imihoho aka bikora nkuko Gen.de Brigade Jacob Kingu yarasanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa mubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu  yaraye abikoze mugutanga imihoho kubera iyo dossier nawenyene yarayirimwo,kubwivyo ntakindi gisigaye,ndakubogoje mumabanga.”

You may also like...