Umuriro uraka hagati ya Prezida Tshisekedi n’umukuru w’Inama Nshingamateka ya Congo.

Mugihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,umuriro uraka hagati y’umukuru w’igihugu Felix Tshisekedi hamwe na Jeane Mabunda arongoye Inama Nshingamateka yico gihugu.

Isanamu yerekana umukuru w’igihugu ca congo Felix Tshisekedi.

Uguteraterana amajambo hagati y’izo ndongozi zibiri ngaho mugihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kwatanguye kw’igenekerezo rya 19 Nzero 2020,aho Prezida Felix Tshisekedi yamenyesha ko ni vyaba ngombwa ashobora gusezerera abashingamateka bose mugihe bobandanya kuba intambamyi mubikorwa bimwe bimwe vya reta.

Inyuma yayo majambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu ca Congo,Felix Tshisekedi,kw’igenekerezo rya 21 Nzero 2020,umukuru w’Inama Nshingamateka nawe yaciye ava mugacerere yishura Prezida ko hamwe yohirahira agakura abashingamateka bose,azoca afatwa n’ingingo y’148 yo mwibwirizwa shingiro ry’ico gihugu ivugako umukuru w’igihugu ahisemwo gufata ingingo z’inyuranye n’amategeko agenga igihugu ca Congo kubera inyungu ziwe,aca afatwa nk’uwahemukiye igihugu,ivyo navyo bigasigura ko umukuru w’igihugu yoca akurwa mu mabanga yokubandanya atwara igihugu.

Vital Kamerhe,umuhanuzi  mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Congo,mu kiganiro yatanze ku nsamirizi y’abafaransa RFI kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 24 Nzero 2020,yagabishije Jeanine Mabunda,umukuru w’Inama Nshingamateka aho yamenyesheje ko amajambo yashikirije yo kuvugako abashingamateka bashobora gukombora umukuru w’igihugu mu mabanga yiwe,yarenze umurongo utukura wogutera ubwoba umukuru w’igihugu,ndetse akaba yagiriyeko amusaba gutanga imihoho kubera amajambo yashikirije.

Twobibutsako,muri ico gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusango,Inama Nshingamateka yiganjemwo abashingamateka bava mumugambwe PPRD wa Joseph Kabila yahoze arongoye ico gihugu,ndetse Jeanine Mabunda akaba yegereye cane Joseph Kabila,ariko Felix Tshisekedi akaba ava mumugambwe UDPS ndetse akaba afise n’abashingamateka bake cane.

You may also like...