Donald Trump na Obama bagize ico bavuga k’urupfu rw’umukinyi Kobe Bryant.

Inyuma yaho Kobe Bryant,umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaboko (Basketball),agiriye isanganya ry’indege ya Kajugujugu akitaba Imana,Donald Trump,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika hamwe na Barack Obama,yahoze arongoye ico gihugu bagize ico bavuga kuri urwo rupfu.

Kobe Bryant n’umukobwa wiwe Gianna bahitanywe n’isanganya ry’indege.

Mubutumwa yacishije kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter,umukuru w’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yagize ati:”Kobe Bryant n’umwe mubakinyi beza b’umupira w’amabiko wa Basketball b’ibihe vyose,yakunda umuryango wiwe cane,kubura umukobwa wiwe Gianna vyatumye nonoho ibintu bibabaza kurusha.”

Amajambo yanditswe na Donald Trump asaba umuryango wa Kobe Bryant kwigumya.

Donald Trump akaba yamenyeshejeko kw’izina ryiwe n’umuryango wiwe bahojeje umuryango wa Kobe Bryant muri rusangi hamwe n’umupfasoni wiwe yasize Vanessa kuvy’umwihariko.

Barack Obama yahoze arongoye igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika nawe nyene ntiyasigaye inyuma mukwihanganisha umuryango wa Kobe Bryant,aho nawenyene yakoresheje amajambo agomba kumera nkaya Trump,yagize ati :”Kobe yari umuntu adasanzwe,abantu benshi barabirako,ndetse urupfu rwa Gianna umukoba wiwe rwababaje imitima myinshi y’abavyeyi”.

Amajambo yanditswe na Obama .

Obama yahejeje ubutumwa bwiwe amenyesha ko we n’umutambukanyi wiwe Michelle bihanganishije Vanessa,umukenyezi asizwe na Kobe Bryant,hamwe n’umuryango wiwe wose.

Twobibubutsako,Kobe Bryant yahitanywe n’isanganya ry’indege ya Kajugujugu kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 26 Nzero 2020,ndetse akaba yashengeranye n’umwana wiwe w’umukobwa w’imyaka 13.

You may also like...