Indege ya gisirikare muri uganda yagize isanganya rikomeye ihitana abari bayirimwo.

Mu gihugu ca Uganda,indege ya gisirikare yari mubikorwa vyo gufasha abasirikare m’ugukora imyimenyerezo ya gize isanganya igeze aho bita Gomba ,abari bayirimwo akaba atawarokotse.

Isanamu yerekana indege ya gisirikare y’igihugu ca Uganda.

Iyo ndege y’igisirikare ca Uganda UPDF(Uganda People’s Defence Force),yagize isanganya  kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 28 Nzero 2020 ,yari iyo mu bwoko bwa kajugujugu Jet Ranger AF 302,ndetse ikaba yariko irafasha abasirikare ibikorwa vyo gukora imyimenyerezo ya gisirikare.

Abicishije kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter,umuvugizi w’igisirikare ca Uganda,Gen.de Brigade Richard Karemire,aremeza ayo makuru ndetse akamenyesha ko abasirikare babiri bari basanzwe bari muri iyo ndege atanumwe yashoboye kuroko.

Ubutumwa bwatanzwe na Gen.de Brigade Richard Karemire,umuvugizi w’igisirikare ca Uganda aho yariko aravuga ivyisanganya ry’indege.

Gen.de Brigade Richard Karemire akaba yamenyesheje  ko bataramenya icatumye iyo ndege igira isanganya ,ariko amatohoza akaba yatanguye ndetse akaba yaboneyeho akaryo ko guhoza imiryango yaburiye ababo muri iryo sanganya hamwe n’igisirikare cose ca Uganda muri rusangi .

You may also like...