Uwugiye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu avuga ko mu Burundi atabukene buhari.

Umwe mubarundi aherutse kumenyesha ko agiye guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yimirije  kuba mu Burundi muruyu mwaka wa 2020,avuga ko mu Burundi atabukene buhari.

Pastori Dieudonne Nahimana agiye kwitoza mu kibanza c’umukuru nk’uwigenga.

Pastori Dieudonne Nahimana,umunyeporitike yigenga yamenyesheje ko azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mu Burundi,yaraye amenyesheje ko mu gihugu c’uBurundi atabukene buhari ahubwo abarundi bakenye kubera bashize ubukene mu mitwe yabo.

Amajambo yashikirijwe na Pastori Dieudonne Nahimana

Ivyo Pastori Dieudonne Nahimana akaba yabivuze abicishije kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter,ndetse inyuma yubwo butumwa abantu bamwe bakaba baramushigikiye abandi nabo bamutera ivyatsi.

Inyuma y’impari zashikirijwe n’abamukurikira kuri Twitter,Pastori Dieudonne Nahimana yarasubiye aremanga amajambo yashikirije,aho yasiguye ko igihugu c’uBurundi kidakenye uravye ubutunzi ndemanwa gifise kandi urwaruka rukaba rwategerezwa kumenya kubukoresha kugira buteze imbere igihugu.

Amajambo yashikirijwe na Dieudonne Nahimana ashimangira ivyo yari yashijirije.

Mwokwibuka ko Pastori Dieudonne Nahimana azokwitoza nk’uwigenga mukibanza c’umukuru w’igihugu asanzwe ari umukozi w’Imana mw’ishengero Oasis Christian Center mu gisisagara ca Bujumbura.

You may also like...