Abarundi bo rema ku nzige zivurwa mu bihugu vyo mu karere.

Abarundi bo rema ku nzige zivurwa mu bihugu bibanyi.

Mukiganiro Deo Guide Rurema,umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi yatanze kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2020,yamenyesheje ko inzige zivurwa mu bihugu bibanyi zitarashika mu Burundi,ndetse reta yaramaze gutegekanya kuzirwanya.

Deo Guide Rurema,Umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi.

Muri ico kiganiro,umushikiranganji Deo Guide Rurema ajejwe uburimyi n’ubworozi, akaba yamenyesheje ko,uburyo bubangutse bwo kurwanya izo nzige ari ukuzitoragura mugihe zoba zatanguye kwibonekeza mu mirima kuko ubuhinga bwo kuzipompa n’umuti wica atari bwiza kuko uwo muti ushobora kugira ingaruka mbi ku magara y’abantu.

Deo Guide Ruremaumushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi,akaba yasavye abasanzwe bajejwe ivy’uburimyi n’ubworozi hamwe n’abanyagihugu muri rusangi kuri kanura no gutanga amakuru kunzego zijejwe uburimyi zibegereye mugihe hogira ahibonekeza izo nzige.

Twobibutsa ko,izo nzige zimaze imisi zibonekeza mubihugu vyo muri kano karere na cane cane mugihugu ca Kenya hamwe no mugihugu ca Somaliya aho zimaze konona imirima itari mike muri ivyo bihugu .

You may also like...