Ivyo kugerageza urucanco rwo gukinga umugera wa SIDA vyabaye akananira bahinga.

Ibijanye n’urucanco rwo gukinga umugera ruhonya nganda wa VIH/SIDA vyabaye akanaira bahinga inyuma y’imisi itari mike abahinga bariko bararugerageza.

Isanamu yerekana umuhinga ariko arakora ubushakashatsi mukugira arabe ko botora urucanco rukingira indwara ya SIDA.

Mw’itangazo ryaraye rishizwe ahabona n’abajejwe ivy’amagara y’abantu mu gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,bamenyesha ko urucanco rwariko rurageragezwa mu gihugu ca Africa yepfo kugira barabe ko bashobora gukinga umugera w’indwara ya SIDA,basanze urwo rucanco ataco rushobora gukingira.

Iryo geragezwa ryurwo rucanco rwo gukingira umugera wa SIDA ,rwiswe HVTN 702,rwari rwatangujwe mu mwaka wa 2016,kugira barabe ko rushobora gufasha umuntu ntashobore kwandura indwara ya SIDA ariko bikaba vyaraye bimenyekanye ko,atanakimwe rushobora gukingira umuntu.

Urwo rucanco rwo gukingira umugera wa SIDA rwari rwageragejwe kubantu bashika 5400 bo mu gihugu ca Africa yepfo basanzwe bafise imyaka irihagati ya 18 na 35,ndetse bakaba babigiyemwo kubera ugushaka kwabo kandi bakaba bari basanzwe batarwaye uwo mugera.

Umupfasoni Linda Gail-Bekker  yigeze kuba arongoye ikigo International AIDS Society gisanzwe gikurikirana ibijanye n’indwara ya SIDA kw’isi,amenyesha ko naho ururucanco rwerekanye ko rudashobora gukingira umuntu indwara ya SIDA,ubushakashatsi butegerezwa kubandanya kugira haboneke urucanco nyarwo mu ntumbero yo kurandurana n’imizi indwara ya SIDA.

Twobibutsa ko,igihugu ca Africa yepfo cakozwemwo ubwo bushakashatsi,gisanzwe gifise ibiharuro vy’inshi vy’abantu bamaze kwandura umugera w’indwara ya SIDA,aho abantu bagera ku bice 20 kw’ijana (20%),vy’abantu bafise imyaka iri hagati ya 15 na 49 usanga baramaze kwandura uwo mugera wa SIDA.

You may also like...