Eric Abidal ashobora kwirukanwa mu murwi wa FC Barcelone kubera Messi.

Eric Abidal,umunyamabanga ajejwe ivy’ubuhinga mu murwi w’umupira w’amaguru wa FC Barcelona yoba agiye kwirukanwa muri uwo murwi inyuma yaho avugiye amajambo atanezereje kizigenza wuwo murwi.

Isanamu yerekana Eric Abidal arikumwe na Bartomeu mugihe bariko barakira umumenyereza mushasha.

Mukiganiro yatanze kubanditsi n’abamenyeshamakuru mugihugu ca Espagne kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2020,Eric Abidal yamenyesheje ko mugihe uwo murwi wamenyerezwa na Ernest Valverde hariho abakinyi bamwe batari bagikora imyimenyerezo neza ari naco catuma batsindwa.

Inyuma yayo majambo yashikirijwe na Eric Abidal,kizigenza wuwo murwi,Lionel Messi ntiyatevye kuva mugacerere,abicishije kurubuga rwiwe rwa Instagram, yamenyesheje ko atanezerejwe nivyo Abidal yashikirije,ndetse akaba yaciye amusaba gutanga amazina y’abakinyi batimenyereza bihagije mugihe bamenyerezwa na Valverde.

Jaseph Maria Bartomeo,arongoye umurwi wa FC Barcelona,nawe nyene yamaze kuva mugacerere mugatondo ko kuruyu wa gatatu,aho yamaze kumenyesha ko aza kugiranira inama yihuta na Eric Abidal kugira barabeko bashobora guhagarika uguteraterana amajambo.

Amakuru atangwa n’ikimenyeshamakuru ca RAC1 gikurikirana ibijanye n’inkino ngaho mugihugu ca Espagne,avuga ko Eric Abidal ashobora gusezererwa mu mabanga yiwe kubera ugushamirana yagiranye n’umukinyi Lionel Messi asanzwe ariwe agenderwako muri uwo murwi wa FC Barcelona.

You may also like...