Ikibuga c’umupira w’amaguru kitaribwaboneke mu Burundi kigiye kubakwa i Bujumbura.

Ikibuga c’umupira w’amaguru kitaribwaboneke mu gihugu c’uBurundi,kigiye kubakwa mu gisagara ca Bujumbura,umurwa mukuru w’ubutunzi w’igihugu c’uBurundi.

Isanamu yerekana ikibuga gishobora kubakwa mu gisagara ca Bujumbura.

Mukiganiro yatanze kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 4 Ruhuhuma 2020 mu ntara ya Gitega,Hon.Reverien Ndikuriyo arongoye Inama Nkenguzamateka,akongera akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB,yamenyesheje ko mu gisagara ca Bujumbura hagiye kubakwa ikibuga c’akarorero c’umupira w’amaguru.

Hon.Reverie Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi,yamenyesheje ko,iyo ngingo yo kubaka ikibuga c’umupira w’amaguru c’akarorero yafatiwe munama yaheruka kubera mu gihugu ca Maroc,yahuje abasanzwe barongoye amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu bihugu vyo kumugabane wa Africa hamwe n’indongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kurwego rwa  Africa CAF,tutibagiye Gianni Infantino asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ari nawe yararongoye iyo nama.

Muri iyo nama yabereye mu gihugu ca Maroc,Gianni Infantino,arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA yamenyesheje ko,muntumbero yo gushigikira ibihugu vya Africa mu kubiteza imbere mubijanye n’inkino,ishirahamwe arongoye rigiye kubaka ibibuga vy’umupira w’amaguru vy’akarorero 54 mu bihugu 54 nyene vyo k’umugabane wa Africa.

Gianni Intantino akaba yavuze ko,ishirahamwe FIFA ririko riregeranya amahera agera kumuriyaridi w’amadorare y’abanyamerika kugira ico gikorwa co kubaka ibibuga 54 gishobore kugenda neza ndetse hakazoshingwa n’umurwi uzoba ujejwe ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi kuko hategerezwa kubakwa ibibuga mpuzamakungu bikwije ibisabwa n’amategeko.

Twobibutsa ko,Gianni Infantino yamenyesheje ko ibihugu bisanzwe bifise ibibuga vy’akarorero bishobora gusaba bikubakirwa ibindi bigo bikorerwamwo ibijanye n’ivy’umupira w’amaguru.

You may also like...