Uwahoze arongoye CNDD-FDD yahunze muri 2015,agiye guhunguka mu Burundi.

Kuva kuruyu w’Imana,igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2020,hagumye hacanacanako amakuru atandukanye kumbuga ngurukana bumenyi,avuga ko Jeremie Ngandakumana yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD agiye gutahuka mu gihugu c’amavukiro.

Jeremie Ngendakumana yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD,agiye guhunguka.

Mukiganiro yahaye bagenzi bacu bakorera ikimenyeshamakuru Iwacu,Jeremie Ngendakumana aremeza ayo makuru yo gutahuka,ndetse akavuga ko vuba cane azoba yashitse mugisagara ca Bujumbura,naho atamenyesheje umusi azoshikirako.

Jeremie Ngendakumana agiye gutahuka,yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD,kuva mu mwaka wa 2007 gushika mu mwaka wa 2012,akaba yari yarongoye uwo mugambwe asubiriye Hussein Radjabu yaramaze gutabwa muri yompi arafungwa .

Kuva mu mwaka wa 2012 gushika mu mwaka wa 2017,Jeremie Ngendakumana yarasanzwe ari umushingamateka mu nama nshingamateka y’ibihugu bigize umuryango wa Africa y’ubuseruko EALA (East African Legislative Assembly), aho yari yatowe mu mugambwe CNDD-FDD,ariko akaba yahavuye yirukanwa muri uwo mugambwe mu mwaka wa 2015,mu gihe yifadikanya n’abatipfuza ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yosubira kwitoza.

Jeremie Ngendakumana avuga ko atahutse atabwoba naho muri poritike atawokwijajara ariko amenyeshako atakintu kiryoshe nko kuba mu gihugu c’amavukiro.

Jeremie Ngendakumana agiye guhunguka ava mu gihugu c’ububirigi hari haheze imisi mike cane ashinze umugambwe wiwe,yise PDG-Girubuntu,inyuma yokutumvikana n’abo baribasangiye urunani CNARED.

Mwokwibuka ko,na Anicet Niyonkuru yarasanzwe ari umunyamabanga murunani CNARED,ndetse akaba n’umukuru w’umugambwe CDP,aherutse guhunguka aho yamaze gutangura ibikorwa vya poritike,ndetse akaba amaze kumenyesha ko azohiganwa mu matora ya 2020,mukibanza c’umukuru w’igihugu.

You may also like...