Abarusiya bakoze ikirwanisho S-500 cambere gikomeye kw’isi abanyamerika bagira ubwoba.

Igihugu c’uburusiya (Russie),kiriko kiragerageza ikirwanisho co mu bwoko bwa Missille S-500,gishobora gukorora indege hamwe n’ubundi bwoko bwa Missilles naho zoba ziri kubirometero birihagati y’180 hamwe n’ibirometero 200 (entre 180 et 200 km).

Ikirwanisho ca Missille S-500 c’abarusiya kiriko kirajugumiza reta zunze ubumwe za Amerika.

Ikirwanisho co mubwoko bwa Missille S-500,catanguwe kuvurwa kuncuro ya mbere mu mwaka wa 2011,n’umukuru w’igihugu c’uburusiya bwana Vladmir Putin,ariko kikaba catanguye guterateranywa mu kwezi kwa Rusama umwaka wa 2018,ariko kikaba catanguye kugeragezwa mu mwaka uheze wa 2019.

Missille S-500,ifise ububasha bwo kuba yorasira icarimwe indege zishika 10 ziri mukirere kandi ziherereye mu bibanza bitandukanya,zigakororwa mu mwanya muto cane kuko ico kirwanisho gishobora kugenda ibirometero 5 mu mwanya ungana n’umusegonda umwe gusa,(5km/sec),n’ukuvuga ko mw’isaha imwe kiba kigenze ibirometero 18.000 ( 18.000km/h) akaba atakindi kirwanisho kirabaho kinyaruka uwo mwanya.

Pavel Sozinov,asanzwe ariwe arongoye ikigo Almaz Antei,kiriko kirakora ico kigwanisho co mu bwoko bwa Missille S-500,amenyesha ko,ubushobozi ico kirwanisho gifise bwo kurwanya umwansi busumba ubwibindi bigwanisho vyose bimaze kubaho,ndetse hakazohera n’imyaka irenga 10 atakindi kirwanisho kiraboneka kw’isi gikoranye ubuhinga nkubwa S-500.

Icegera c’umushikiranganji w’uburusiya ajejwe ukwivuna abansi Alexeï Krivoroutchko,amenyesha ko ico kirwanisho ca Missille S-500 kizotangura gukoreshwa neza n’igisirikare c’uburusiya muruyu mwaka wa 2020.

Mwokwibuka ko,hari haheze imyaka mike,igihugu c’uburusiya gikoze ikindi kirwanisho co mubwoko bwa Missille S-400,ariko missille S-500 ikaba ifise ubuhinga busumba S-400.

You may also like...