Amerika irashima ingingo ya EAC yokurungika indorerezi mu matora ya 2020 mu Burundi.

Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,kirashima ingingo y’umuryango w’ibihugu bigize Africa y’ubuseruko EAC yo kurungika indorerezi mu matora yimirije kuba muruyu mwaka wa 2020 mu gihugu c’uBurundi.

Isanamu yerekana Petr Pham,intumwa idasanzwe ya reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini arikumwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Dr Peter Pham,intumwa idasanzwe y’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini.

Abicishhije kurubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter,Dr Peter Phama,intumwa idasanzwe ya reta zunze ubumwe za Amerika mukarere k’ibiyaga binini , yagize ati :”Irungikwa ry’indorerezi z’umuryango w’ibihugu bigize Africa y’ubuseruko EAC,ari intambwe idasanzwe ku matora yimirije kuba mu Burundi muruyu mwaka wa 2020.”

Amajambo yashikirijwe na Petr Pham aho ashima irungikwa ry’indorerezi za EAC mumatora yo mu Burundi.

Muri ubwo butumwa,Peter Pham,abandanya amenyesha ko igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika cama kibivuga incuro nyinshi ko amatora abaye mu mahoro,amatora abaye kumugaragaro kandi ahurikiyemwo bose ariyo atuma imigenderanire y’ibihugu itera imbere.

Mwokwibuka ko,Peter Pham,amenyesheje ayo majambo,inyuma yaho umunyamabanga mukuru w’umuryango w’ibihugu vya Africa y’ubuseruko,Amb.Liberat Mpfumukeko,m’urugendo yariko arakora ngaha mu Burundi kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2020, mu ntumbero yo kuraba ingene amatora ariko arategurwa, amenyeshereje   ko uwo muryango uzorungika indorerezi kuraba ingene amatora azoba ariko aragenda mu Burundi,haba imbere y’amatora,,haba k’umusi w’amatora hamwe n’inyuma y’amatora.

You may also like...