Amerika yahaye ibikoresho ingabo z’uBurundi ziri muri Somaliya mu mugambi wa AMISOM.

Igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,cahaye imfashanyo igizwe n’ibikoresho bitandukanye ingabo z’igihugu c’uBurundi zisanzwe ziri mu gihugu ca Somaliya muri wamugambi wa AMISOM wokugerageza kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu.

Imfashanyo yatanzwe n’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kungabo z’uBurundi ziri muri Somaliya.

Ingabo z’uBurundi ziri mu gihugu ca Somaliya zikaba zaronkejwe iyo mfashanyo kuruyu wa kane,igenejerezo rya 13 Ruhuhuma 2020.

Iyo mfashanyo yahawe ingabo z’uBurundi ziri mu gihugu ca Somaliya mu mugambi wa AMISOM,igizwe n’ibikoresho bitandukanye vy’imodoka basanzwe bakoresha ngaho mu gihugu ca Somaliya,navyo bigizwe ahanini:n’amapine mashasha y’imiduga ya gisirikare basanzwe bakoresha,Amortisseurs z’imidua itandukanye,ivyo bita filtre y’imodoka,turbo,ibiyo vy’imodoka (Parabrises),hamwe n’ibindi bikoresho bitandukanye.

Twobibutsa ko,iyo mfashanyo yatanzwe n’igihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika kibicishije mugisata co kwivuna abansi cico gihugu,ndetse ivyo bikoresho bikaba bizokoreshwa mugusubiriza mubikoresho bimwe vy’imiduga yarisanzwe ifise ibibazo

You may also like...