Jackie Chan yemeye gutanga agashimwe gatubutse k’umuntu azotora urucanco rwa Coronavirus.

Umukinyi w’amareresi,Jackie Chan,asanzwe yamuka mu gihugu c’ubushinwa,mugisagara ca Hong Kong,amaze kumenyesha ko azotanga agashimwe gatubutse k’umuntu wese azoshobora gutora urucanco rukinga indwara ya Coronavirus.

Isanamu yerekana umukinyi w’amareresi Jackie Chan yemeye gutanga agashimwe k’umuntu azotora urucanco rw’indwara ya coronavirus.

Mukiganiro yatanze ku kimenyeshamakuru gisanzwe gikorera kurubuga ngurukana bumenyi Weibo,Jackie Chan,yamenyesheje ko umuuntu wese azotora urucanco rwo gukingira indwara ya Coronavirus,azoronswa agashimwe kangana n’amahera agera k’umuriyoni wama Yuan (amahera akoreshwa n’igihugu c’ubushinwa),n’ukuvuga angana n’ibihumbi ijana na mirongo ine vy’amadorare y’abanyamerika (140.000$).

Jackie Chan,akaba amaze nogutanga ibikoresho bitari bike bigizwe n’impuzu zokwambara hamwe n’utuntu two kwifuka kumazuru kubaganga kugira bashobore kwikingira kwandura iyo ndwara mugihe baba bariko barakurikirana abarwayi.

Mwokwibuka ko,kuva iyo ndwara ya Coronavirus yatangura kwibonekeza kuva mu ntango z’ukwezi kwa mbere muruyu mwaka wa 2020,imaze guhitana abantu bashika 1355,ndetse ikaba imaze no kwibonekeza no mu bihugu atari bike.

You may also like...