Abagirizwa gufata umwana kunguvu bakanamwica ,barasiwe kumugaragaro izuba riva.

Abagabo 2 bagirwa n’icaha co gufata kunguvu umwana w’umwigeme w’imyaka 12  bakagirako bakagenda banamwishe mu gihugu ca Somalia barasiwe kumugaragaro n’umurwi wabasashi badahusha watowe nase w’uyu mukobwa .

 

Aisha Ilyaas Aden  ,niwe mwigeme w’imyaka 12 yashashwe kunguvu naba bagato babiri bagirako bagenda banamwishe  ,uyu mukobwa akiri muto cane yafashwe kunguvu mu kwezi kwa ndamukiza mu mwaka wa 2019 ,mugihe yaravuye kw’isoko  ariko aja mu hira iwabo mu gice ca Puntland  mu gisagara ca Puntland .

Aisha Ilyaas Aden kw’ifoto akaba ariwe yafashwe kunguvu n’imisore 2 bimuviramwo gupfa

Iyuma y’igihe kirenga umwaka aba bagabo babiri aribo Abdifatah Abdirahman Warsame hamwe na  Abdishakur Mohamed Dige  bari mumunyororo ,kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 14 ruhuhuma 2020 niho nabo bahawe igihano ca gupfa ndetse bicwa hakoreshwejwe kubarasira imbere y’abantu benshi.

Abdifatah Abdirahman Warsame hamwe na  Abdishakur Mohamed Dige  bagirizwa gufata umwigeme w’imyaka 12 kunguvu bakagenda banamwishe

Hawa Aden Mohamed asanzwe ajejwe ikigo gikingira abafashwe kunguvu yavuze ko iyo ngingo yo kurasira kumugaragara abo basore babiri bakoze ico caha kwari ingingo nziza cane ndetse ko yobandanya ikoreshwa no kubandi bose boba bagirizwa ico caha co gufata abigeme kunguvu bagaca babica.

You may also like...