Yishe arashe umugore w’umukuru w’igihugu aca aba ariwe aba umugore w’umukuru w’igihugu ,none bimukozeko

Maesaiah Thabane ,umukenyezi w’umushikiranganji wambere w’igihugu ca Lesotho ,kimwe mu bihugu bisanzwe biri mu bumanuko bwa Africa ndetse kikaba kimwe mu bihugu vya Africa bisanzwe birangwamwo abantu bakeya ,umukenyezi w’umushikiranganji wambere  w’igihugu yaraye yagirijwe icaha co kwica uwahoze ari umukenyezi w’umugabo wiwe .

Maesaiah Thabane ,umukenyezi w’umushikiranganji wambere w’igihugu ca Lesotho yagirijwe ko mu mwaka wa 2017 yishe akoresheje inkoho , umukenyezi w’umuwaragiye kuba umushikiranganji wambere w’ico gihugu imbere yimisi ibiri gusa kugira uramutse ayo mabanga.

Yagirizwa na Sentare nkuru yo kumurwa mukuru wa Maseru ,Maesaiah Thabane  yagirijwe icaha co kurasira imbere y’inzu uwaragiye kuba umukenyezi w’umushikiranganji wambere w’ico  gihugu mu mwaka wa 2017 .

Lipolelo Thabane niwe yarashwe mu mwaka wa 2017 ,araswa mu buryo bwatangaje abantu benshi anaraswa imbere y’imisi ibiri gusa kugira umugabo wiwe Thomas Thabane  arahirire amabanga yo kurongora ico gihugu ca Lesotho inyuma y’amatora yarahejeje gutsinda mu mwaka wa 2017.

Inyuma yigihe gito gusa habaye igandagurwa ry’uyu mukenyezi ,Maesaiah Thabane yigaruriye umutima wa Thomas Thabane  yaramutswa iki gihugu baca bakora ubugeni inyuma y’amezi atatu gusa .

Maesaiah Thabane umukenyezi w’umukuru w’igihugu ca Lesotho arikumwe na Thomas Thabane umugabo wiwe 

Tubibutse ko uyu mukenyezi Maesaiah Thabane  yarashe uwari umukenyezi w’ushikiranganji wambere w’ico gihugu bwana Thomas Thabane ,mugihe hari hasanzwe hari ukutumvikana hagati y’uwaragiye kuba umushikiranganji wambere w’ico gihugu hamwe n’uyu mtambukanyi wiwe ,Lipolelo Thabane.

You may also like...