Hari amajambo atangaje Kizito Mihigo yasize yanditse yerekeye abantu biyahura ,imbere y’uko bivurwa ko yitaba Imana.

Mu gihe kumbuga ngurukana bumenye haba iza Twitter facebook ndetse na Youtube havurwa gusa urupfu rw’umuririmvyi adasanzwe wo mu gihugu kibanyi c’uRwanda bwana Kizito Mihigo ,haguma hibonekeza amajambo adasanzwe uyu muririmvyi yasize yanditse imbere yuko yitaba Imana  .

Kizito Mihigo kw’ifoto

Uyu muririmvyi vyatangajwe ko yitavye Imana mu gatondo k’igenekerezo rya 17 ruhuhuma 2020 ,inyuma y’imisi itatu gusa afashwe n’inzego zijejwe umutekano mugihugu c’uRwanda ,abajejwe umutekano bakaba bamenyesheje ko bafashe uyu muririmvyi kubera yashaka kwambuka umupaka  aje mu Gihugu c’uBurundi mu mihari irwanya igihugu c’uRwanda.

Akimara kwitaba Imana ,abajeje umutekano murico gihugu c’uRwanda bamenyesheje ko yapfuye yiyahuye akoresheje amashuka yaryamako aho yarasanzwe apfungiwe.

Kurundi ruhande ,kw’igenekerezo rya 14 nzero 2020 imbere y’ukwezi gusa ngo uyu muririmvyi ngo yitabe Imana  ,abicishije kurukuta rwiwe rwa Facebook kizito Mihigo yavuze amajambo adasanzwe kumwana vyari vyavuzwe ko yiyahuye ndetse anababazwa n’urupfu rw’uwo mwana .

Mumajambo ya Kizito Mihigo yagize ati” Ese birashoboka ko umwana w’imyaka icumi yakwiyahura? Ese yashobora kwimanika mu giti, umugozi mu ijosi? Niba bishoboka se, ni iki gishobora gutera umwana muto nk’uwo kwanga ubuzima no kwiheba kugeza ubwo afashe icyo cyemezo cyo kwiyica? Mu ntangiriro z’uku kwezi ikinyamakuru IGIHE nacyo cyari cyatubwiye ko ku Kamonyi hari umwana w’imyaka 12 wiyahuye, nawe yimanitse mu giti n’umugozi mu ijosi.”

Aya majambo kizito Mihigo yashikirije kw’igenekerezo rya 14 nzero yatumye benshi batangura kwibaza ingene uyu mugabo yafatwa nk’umukozi w’Imana adasanzwe mu gihugu c’uRwanda ashobora kwiyahura akiyaka ubuzima kandi atigera na gato atahura ko n’umwana muto ashobora kw’iyahura.

 

You may also like...