Inyuma ya Kizito Mihigo,uwundi muntu yaraye yiyahuye mu gihugu c’uRwanda.

Inyuma yaho kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 17 Ruhuma 2020, hamenyekaniye urupfu rwa Kizito Mihigo,bivurwa ko yapfuye yiyahuye,uwundi muntu yaraye apfuye yiyahuye.

Ikete Christine yiyahuye yasize yandikiye umugabo wiwe.

Kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2020,hazindutse hatorwa ikiziga c’umupfasoni yarasanzwe ari umwigisha,nawe nyene bikavurwa ko yapfuye yiyahuye,ndetse akaba yarasize n’urwandiko aho yandikiye umutambukanyi wiwe amusaba kuzorera umwana no kumwihanganira kuba amusize wenyene kuko yumva atoshobora kubandanya abana nawe kuko harivyo yabona ko yamuhemukiye.

Uwo mupfasoni yaraye yiyahuye akaba yitwa  Irikwije Christine w’imyaka 26 y’amavuka,akaba yarasanzwe yigisha kwishure rya G.S Saint Kizito aho bita Nyamagabe,ndetse akaba yarasanzwe yubakanye na Bernard Rukundo,akaba amusiganye umwana umwe.

Amakuru atangwa n’umuvugizi w’igipolisi co muntara y’ubumanuko bw’igihugu c’uRwanda,bwana CIP,Twajamahoro Sylvere,avuga ko,batanguye gukora amatohoza kugira hamenyekane icatumye uwo mukenyezi yiyahura,ariko amakuru ya mbere bamaze kuronka akavuga ko Chiristine yoba yiyahuye kubera ukutihanganira ivyoba vyamubayeko,aho havurwa ko yari yibwe n’abateka mutwe ,aca abona ko atakintu abona yozosigurira umugabo wiwe kuko bivurwa ko boba bamutwaye amahera atari make hamwe n’imashine nyabwonko ngendanwa.

Naho atatomoye ivyamubayeko,mw’ikete yasize yandikiye umugabo wiwe,Christine Irikwije yamusavye kurera umwana kuko ivyamubayeko bitamukundiye ko babandanya babana,kuko yaramumaramaje cane,kubera ivyo yakoze umugabo atabizi.

Mwokwibuka ko Irikwije Christine yaraye yiyahuye basanze amanitse munzu,yiyahuje igitenge,mu gihe k’umusi wejo ,umuririmvyi Kizito Mihigo nawe nyene ,igipolisi cavuze ko yiyahuje amashuka.

You may also like...