Imbere y’imisi ibiri ngo Kizito mihigo ave mu mwuka hari ikinyamakuru co mu Rwanda cari camenyesheje kwazopfa yiyishe .

Mu masaha yo mugatondo ku musi wambere w’igekerezo rya 17 ruhuhuma 2020 ,niho inzego zijejwe umutekano mu gihugu cuRwanda zamenyesha kumugaragaro ko umuririmvyi w’indirimbo zihimbaza Imana wo mugihugu c’uRwanda yitavye Imana akaza gupfira aho yarasanzwe apfungiwe ndetse agapfa yiyahuye.

Umuhisi Kizito Mihigo kw’ifoto

Naho abajejwe umutekano mu gihugu c’uRwanda batangaje aya makuru yemeza ko  uyu muririmvyi yitavye Imana ndetse akaba ari nawe  yiyahuye ,hari ikimenyesha makuru mu gihugu c’uRwanda cari canditse inkuru k’uruyu musore imbere y’imisi ibiri ngo hatangazwe ko uyu musore yaririmba indirimbo zihimbaza Imana ngo bimenyekane ko  yitavye Imana   yiyahuye,iki kimenyesha makuru cagize  ati “uwiyishe ntaririrwa

Iyi nkuru ifise ijambo ry’umutwe rigira ngo “uwiyishe ntaririrwa yasohowe n’ikinyamakuru igihe.com  kimwe mu bimenyesha makuru vyegereye ubutegetsi mu gihugu c’uRwanda kw’igenekerezo rya 15 ruhuhuma 2020 ,isaha 12 niminota 34 z’umuhingamo ,imbere y’imisi ibiri kugira hatangazwe ko kizito mihigu y’itavye Imana yiyahuye .

Inkuru yo ku kimenyesha makuru igihe.com yanditswe igenekerezo rya 15 ruhuhuma 2020 yandikwa n’umumenyesha makuru w’igihe bwana Musangwa Arthur

Amwe mu majambo yari mu nkuru y’iki kimenyesha makuru yagira ati :”Kizito Mihigo ni umwe muri ba bandi wavugiraho ko ari abo Umwami yahaye amata bamwimye amatwi. Uyu musore w’imyaka 38 yagabiwe buri kimwe cyose mu Rwanda, aratunga aratunganirwa gusa aza kwijuta, ararengwa, yibagirwa vuba.”

Aha twobibutsa ko urupfu rw’uyu musore yarakunzwe cane mu gihugu c’uRwanda nabatari bake rubandanya kuvurwako ibintu bitandukanye mugihe kuruhande rumwe bemeza ko yapfuye yiyahuye kurundi ruhande narwo bahakana ko uyu musore atari kurota yiyahura.

You may also like...