Inyuma yogutangaza ko bagiye guhangana n’ingabo z’uburusiya muri Syria,barashwe baromoka.

Inyuma y’umusi umwe gusa abasirikare b’igihugu ca Turikiya bamenyesheje ko bagiye guhangana bikomeye n’ingabo z’uburusiya ziri mu gihugu ca Syria,barashwe bikomeye,burende yo mu bwoko bwa Char  irasamburwa.

Indege y’intamabara y’uburusiya yo mu bwoko bwa Su-24 yifashshijwe mukurasa abarwanyi muri Syriya.

Kuruyu wa kane,igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020,ingabo z’uburusiya zacucagiye ibisase zikoresheje indege zo mu bwoko bwa Su-24,kubirindiro biriko abarwanyi basanze bashigikiwe n’ingabo za Turikiya zisanzwe ziri muri ico gihugu mu ntara ya Idlib,ndetse ibitari bike bikaba vyononekaye.

Muri ico gitero,ingabo z’igihugu ca Syriya,zasavye ingabo z’igihugu c’uburusiya kurasisha indege barabisha ahasanzwe hari ibirindiro vy’abarwanyi bashigikiwe n’ingabo z’igihugu ca Turikiya,Burende imwe yo mu bwoko bwa Char,ikaba yasambuwe,burende 6 zisanzwe nazonyene zasambuwe,hamwe n’imodoka 5 zo mubwoko bwa Pick up nazonyene zikaba zaraturiwe n’ivyo bisase vy’indege.

Umushikiranganji w’igihugu ca Turikiya ajejwe ivyo kwivuna abansi,yamaze kumenyesha ko,abasirikare b’igihugu ca Turikiya babiri baguye muri ico gitero.

Ico gitero c’indege z’abarusiya kubarwanyi bashigikiwe n’igihugu ca Turikiya,cakozwe inyuma yaho abo barwanyi bari batanguye kwatsa umuriro barasa kubirindiro bisanzwe biriko abasirikare b’igihugu ca Syriya muri iyo ntara ya Idlib,ariko ico gitero kikaba casubijwe inyuma.

Kuruhande rw’igihugu c’uburusiya bakaba basavye ingabo z’igihugu ca Turikiya guhagarika gufasha imirwi irwanya reta ya Syriya bikiri mu maguru masha,kuko batagiye kubihanganira.

Ivyo bikaba bibaye,inyuma yaho kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2020,Recep Tayyip Erdogan,umukuru w’igihugu ca Turikiya amenyeshereje imbere y’abashingamateka ko,ingobo ziwe ziri mu gihugu ca Syriya zigiye gukoresha inguvu zose zishoboka kugira zigarurire intara ya Idlib ngaho muri ico gihugu ca Syriya.

You may also like...